Kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe Abakenyezi, nashaka nipfurize umusi mukuru mwiza abakenyezi bose. Ivyo rero nkabigira niyumvira Umuvyeyi wacu Bikira Mariya, mu gihe ari « Uwahezagiwe mu bandi bagore bose ».

Abagabo bamwe bamwe iyo bahimvye inzoga baribuka imirongo imwe imwe yo muri Bibliya, nako baribuka amajambo amawe amwe kuko ntibaba bazi aho yanditse. Ayo majambo bakunze kwibuka ni aya : « uri igufa ryo mu magufa yanje »(Amamuko 2,23). Hanyuma bagaca bavuga ngo abagore nibo batumye ducumura bafatiye kuri ha handi ngo : « Umugore abona ko nya giti kibereye kuribwa, kiryoheye ijisho kandi cofasha kugira ngo umuntua ce ubwenge. Yakira icamwa caco ararya. Hanyuma ahereza umugabo wiwe bari kumwe, na we arakirya » (Amamuko 3,6). Ivyo rero bituma abagabo bamwe bamwe baguma biyumvira ko abakenyezi ari inkwezi y’amarere bakibagira uruhara rwabo narwo mu gukwega inabi. Ariko ngaho ntitwohateba, ico tuzi n’uko igicumuro cateye umuntu wa wa wundi inyandiko ivuga iti : « Imana irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, ibarema ari umugabo n’umugore ». Igihe inzoka iziye, bari bamaze kuba umubiri umwe : « Nico gituma umugabo azoheba se na nyina akunga ubumwe n’umugore wiwe bakaba umubiri umwe » (Amamuko2,24)

Naho rero hoba hari uwiyumvura ko umukenyezi ariwe inzoka yaciyeko, ntawogarukiriza ngaho ataravye iryo jambo Imana yavumereye iti : « Nzoshira urwanko hagati yawe n’umugore, hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe ». None ntwumva ko ngaha yahawe ubundi bukomezi bwo kurwanya ya nzoka ? Nico gituma Imana mu kurangura ivyo yateguye Umuvyeyi Bikira Mariya ngo abe inzira urukiza ruzanana. Nico gituma nzirikana ko iteka Bikira Mariya yatewe akaba « uwahezagiwe mu bandi bagore bose » ryotuma umukenyezi wese agira iryo teka mu mibano yacu kandi n’abagabo ntibahave bumva y’uko umengo ni akarusho babahaye muri uku guhimbaza uwu musi mukuru wagabenewe. Iyo numva ingene uwo musi mukuru uhimbazwa, uca umengo i akarusho abagabo baba mw’isi bagiriye abagore( Comme une faveur), kuko umengo nibo batunganya ivyo. Niho rero nari nipfuza ko atawokwibagira ivyiza bikomoka ku bakenyezi biboneka mu mibano y’abantu.

Naho ata kanya mfise ngo nzingurure inyandiko nyeranda, muri Bibliya hari abakenyezi bagize uruhara rudasanzwe mu bijanye no kuzigama insezerano Imana yagiraniye n’abantu. Ariko hariho n’abo nyene vyagoye. Mugabo kandi no mu bagabo baho nyene niko bimeze.  Nkundira rero kuri uno musi hambavu ya Bikira Mariya, mvuge Suzanne dusanga mu gitabu ca Daniyeli 13. Uwushobora gusoma ico kigabane cose yotahura igituma ndamuvuze. N’uko Imana yerekanye ingene igwanira umukenyezi igihe arenganijwe n’abagabo b’igito. Hagati aho, tugiye kuraba ivyo mu ruhererekane rw’Ekleziya (Tradition de l’Eglise) hari izina ritanditse muri Bibliya ariko riduha iyindi shusho y’umukenyezi. Ni Veronika Mweranda tuvuga kenshi muri iki gihe c’i Karema igihe tugira inzira y’umusaraba. Patiri Yozefu Kentenich yatanguje umuryango wa Schoenstatt amuzirikana uku gukurikira : « Veronika, atakugira ubwoba canke ngo asuhe, yaraciye hagati y’ikigwi c’abicanyi, n’umutima wiwe wuzuye ubutwari n’ukubabarana nawe, akuzanira igitambara wakiranye ubukengurutsi. Ico gikorwa c’urukundo caratumye unezerwa rwose ku burya mu maso hawe haciye hicapa kuri nya gitambara uraheza ugisubiza Veronika, wa wundi urukundo nta mahinyu rusumbirije rwakwerekezako. Kuva ico gihe wama wemera guhitamwo imishaha y’abakenyezi b’icubahiro nk’uwubabereye umenga. Bama bagukorera mu bawe  n’ukwitanga kutananirwa, kubera igisharara c’urukundo rwabo. Bafise muri ibimenyetso bidatyoye kandi vy’urukundo rwa Kristu, barangwa n’ubugororotsi, bakazira ikinyoma. Ni ibimenyetso vy’umuco wa Yezu  na Mariya, birigwa barazunguruka iyi si y’ivyaremwe birangwa n’igicumuro. Ndagushimiye ko muri iyi yacu ya Schoenstatt, ba « Veronika » baguma bateramye. Ntureke bazimangane mu mibano yacu, ahubwo uduhe kwamana ubutwari bwo kubakingira »[1]

Kukaba nkako, mu bantu bose bari baherekeje Yezu mu nzira y’umusaraba, Veronika niwe mugore wa kabiri havuye Bikira Mariya yaruhuriye Umucunguzi. Ninde yomenya inguvu yakoresheje mu guhinda abicanyi ba Yezu ngo bikunde amushikire amuhanagure mu maso ?  Na Simoni w’i Sireni ngo barinze kumugobera kugira ngo atwaze umusaraba.  Niho rero nipfurije abakenyezi kwamana iryo teka bongere baryubahirwe kandi nabo nyene babone kurigendera.

Umusaserdoti Daniel Ange wo mu gihugu c’ubufransa, niwe yiyamiriza wa muhari uvuga ko uharanira agateka k’abakenyezi (mouvement ou courant féministe ou le féminisme tout court) ariko ngo ugasanga ushaka kubakuramwo akaranga kabo k’ubukenyezi kuko utabona ico umukenyezi yisangije gihambaye rwose, kuko iyo bariko baravuga ukungana kw’ibitsina ni nk’uko umengo umukenyezi yovanwamwo muri we ako karanga k’umukenyezi hanyuma agacika umugabo. Abivuga muri aya majambo : « Naho biri uko uwo muhari wiyita ko urwanira iteka ry’umukenyezi(féminisme) wariyobagije  mu kutabona inema umukenyezi yisangije mu kurondera kumugira umugabo. Ivyo bita uguharanira ukungana kw’ibitsina ni ubugumutsi bwa shetani burondera kurwanya umukenyezi, burondera kurwanya ico igitsina-gore cisangije bagashaka kumuringaniza n’umugabo. Yoba ibaye intsinzi ya shetani muri ukwo gusambira akaranga k’umukenyezi »(Toutefois, le féminisme s’est dévoyé en ne percevant pas la grâce spécifique de la femme et en la masculinisant. Le gender est une rébellion satanique contre la femme, contre la spécificité du sexe féminin que l’on veut rendre équivalent à l’homme. C’est la victoire de Satan pour détruire la féminité)[2].

None rero ndasabiye imigisha n’imihezagiro, abakenyezi bose iyo bava bakagera mpereye ku wanyibarutse, ngakurikizako abo dusangiye ubutumwa n’abo bose bari ku kivi c’ukumenyesha inkuru nziza y’urukiza bigana Umuvyeyi Bikira Mariya, bigana ba bakenyezi ba mbere Yezu yamenyesha ko yazutse (Matayo 28, 1-10 ; Mariko 16,1-12 ; Luka 24,1-12 ;Yohani 20,11-18). Ndabipfurije kugumana mu minwe yabo amatara yaka nka ba bigeme batanu b’incabwenge (Matayo 25,1-13).

Imana nibahezagire ! Umuvyeyi Bikira Mariya nabatwikirize umutama wiwe kandi yame ababa hafi mu bibazo vyose bahura navyo mu buzima cane cane ibiterwa n’ukutubahirizwa mw’iteka ryabo.

Patiri Herménégilde COYITUNGIYE

Pères de Schoenstatt

Mont Sion Gikungu

08 NTWARANTE 2021

 

 

[1] Chemin de croix de l’Instrument in « Vers le Ciel » Strophes 275-279

[2]  Revue « Famille Chrétienne », je m’excuse que j’ai oubliée l’année de la publication de cette revue je vais la chercher encore.